USA: Sena yemeje itegeko rya mbere ku ngoma ya Trump

Inteko Nshingamategeko (umutwe w’Abasenate) ya Amerika yemeje isubirwamo ry’itegeko rigenga imisoro ryari rimaze imyaka mirongo itatu nkuko BBC dukesha iyi nkuru babyanditse. Iri ribaye itegeko rya mbere ku ngoma ya Perezida Trump ryemejwe kuva atangiye kuyobora Amerika.

Inteko Nshingamategeko umutwe w’Abadepite nibo babanje kwemeza iryo tegeko mu buryo butagoranye.
Aba republicain ni bo benshi haba mu badepite ndetse no mu basenateri.
Kugira iryo tegeko ryemezwe, iryo tegeko rirasubira mu Nteko Nshingamategeko kuri uyu wa gatatu, mu buryo bwo kubahiriza amategeko gusa.

Mu gihe iri tegeko ryashyirwa mu bikorwa, rizaba ribaye itegeko rya mbere rya Perezida Trump ryemejwe kuva yinjiye muri White house mu ntangiriro z’uyu mwaka.
Abatemeranya neza n’iri tegeko, bavuga ko rije korohereza abatunzi gusa.

Aba republicains bavuga ko kugabanya imisoro itangwa n’amashyirahamwe akomeye ndetse n’abantu ku giti cyabo, bizafasha bamwe mu kugwizaho ubutunzi.

Icegera c’umukuru w’igihugu Mike Pence ni we yari yaje gusigura iryo tegeko, kandi ni we yanamenyesheje ivyavuye mu matora.

"Kuri iri tegeko, abaritoye ni 51 hanyuma abayanse na bo ni 48. Itegeko rigenga amakori hamwe n’akazi riremejwe," ni ko yavuze.

Akanya gato, imbere y’uko ivyavuye mu matora bitangazwa, abagwanya iryo tegeko bari aho inama nkenguzamateka ikorera basemereye ngo "anka iryo tegeko". Baciye babasohora.

Daniel MUKESHIMANA/Umubavu.com





Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru



Igitekerezo